Raba ireresi yerekana ukungene bakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi Kirundi

Itaburo y'ivyandiko vyashizwe mu rundi rurimi

Mw' itaburo iri aha musi harimwo ivyandiko birimwo amakuru nkoramutima yerekeye amagara y'abantu Igisata c'Amagara y'Abantu cashize mu rurimi rwawe. Ico gikorwa co kubishira mu zindi ndimi cakozwe n'abasobanuzi b'indimi b'abanyamwuga babinonosoye

Ingene iyi taburo iri aha hepfo ikoreshwa.

Andika mu gakwadarato ko kurondereramwo kari hejuru ya taburo kugira urondere ukoresheje ijambo iryo ari ryo ryose riri mu mutwe w'amajambo uri mu Congereza canke washizwe mu rundi rurimi. Urashobora kandi guhitamwo ufatiye ku mutwe w'amajambo washizwe mu rundi rurimi (Translated Title), canke umutwe w'amajambo uri mu Congereza (English Title) mu gufyonda kuri umwe muri iyo mitwe y'amajambo.

Gukoresha Google Translate

Ku rubuga ngurukanabumenyi HealthVermont.gov hariko amakuru yerekeye amagara y'abantu menshi kandi urashobora gukoresha Google Translate kugira ubone amakuru yose ari kuri urwo rubuga hamwe n'amafishi menshi vyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi mu buryo bwikoresha. Kugira ubikore, hitamwo “Select Language” hejuru mu mfuruka y'i buryo ku rubuga.

Soma n'ibindi vyerekeye Google Translate

Woba ukeneye ubufasha kugira utahure amakuru y'Igisata kijejwe Amagara y'Abantu? 

Urafitiye uburenganzira amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi. Imeyiri [email protected] kugira uhabwe amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi ku buntu.

Soma vyinshi ku vyerekeye kuronka amakuru ashobora kuronkwa

Translated Title English Title Sort descending Language
Ibikorwa Bijanye N'amagara Y'abantu - Uruhusha Rwo Gutanga Amakuru Yo Kwa Muganga Board of Medical Practice, Release of Medical Records - Kirundi Kirundi
Ibikorwa Bijanye N'amagara Y'abantu - Uruhusha Rwo Gutanga Amakuru Yo Kwa Muganga Ajanye N'umugwayi Yitavye Imana Atanzwe N'umuntu Yari Afise Uburenganzira Bwo Kugira Uruhara Mu Bikorwa Vyo Gufata Ingingo Zerekeye Ubuvuzi Mu Gihe Umugwayi Yari Akiriho Board of Medical Practice, Release of Medical Records by Executor - Kirundi Kirundi
Ibikorwa Bijanye N'amagara Y'abantu - Uruhusha Rwo Gutanga Amakuru Yo Kwa Muganga Board of Medical Practice, Release of Medical Records for Child - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa yo gushusha amazi mu mazu abikwamwo imfungurwa Boil Water Notice Guidance - Kirundi Kirundi
Umuceri uhinguye kandi ukwije ibisabwa Brown Rice Recipes - Kirundi Kirundi
Kwirinda uburozi bwa Carbon Monoxide buva mu machini zitanga umuyagankuba Carbon Monoxide and Generator Safety Tips - Kirundi Kirundi
Kuburirwa ku bijanye na Cyanobacteria Caution Cyanobacteria Alert Sign - Kirundi Kirundi
Kwemera kuba umuvyeyi w'umwana avutse biciye mu buhinga bufasha kuvyara abo vyagoranye Consent to Parentage from Assisted Reproduction - Kirundi Kirundi
COVID-19: Ikingire ubwawe hamwe n’abandi COVID-10: Protect Yourself and Others - Kirundi Kirundi
Bandanya kuronka amakuru mashasha yerekeye incanco zawe za COVID-19 COVID-19 Factsheet - Kirundi Kirundi
Ibimenyetso nyezina vya COVID-19 ni: COVID-19 Symptoms - Kirundi Kirundi
Cyanobacteria (icatsi c’ubururu n’ibara ry’icatsi) Cyanobacteria (Blue-Green Algae) - Kirundi Kirundi
Kwerekana ivyandikwa kurupapuro rw'Amavuko rusabwa igihe cararenze hisunzwe Delayed Birth Certificate, Statement of Information - Kirundi Kirundi
Ukwihakana ubuvyeyi Denial of Parentage - Kirundi Kirundi
Ntiwoge ubonye kino kimenyetso - Ireresi Do not swim if you see a sign - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa y’icika ry’umuyagankuba mu mazu y’imfungurwa Electrical Outage Guidance for Food Establishments - Kirundi Kirundi
Amazi y’umwuzure ku camwa canke ku mboga ashobora gutuma ugwara cane mu gihe ubiriye Flood water on fruit and vegetables can make you sick. - Kirundi Kirundi
Umwuzure urashobora kwanduza Iriba ryawe canke isoko Flooding can contaminate your well or spring - Kirundi Kirundi
Umugirwa wo kwubakana biciye mu mategeko muri Reta ya Vermont Getting Married in Vermont - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa yo gusubira kwugurura itangwa ry’imfungurwa hamwe n’uburaro inyuma y’umwuzure Guidance for Re-Opening Food & Lodging Establishments After Flooding - Kirundi Kirundi

Vyinshi ku bijanye na Google Translate

Google Translate ikoresha amaporogaramu nyabwonko kugira ihindure ibintu ibikura mu rurimi rumwe ibishira mu rundi. Ntishobora guhindura amakuru yose iyakura mu rurimi kanaka iyashira mu rundi. Ivyo yahinduye birashobora kutaba vyo canke bifise agasembwa.

Nta buhinga bwikoresha bwo guhindura ibintu bubikura mu rurimi rumwe bubishira mu rundi (hakoreshejwe amaporogaramu nyabwonko) butagira agasembwa kandi ntibufise intumbero yo gusubirira abantu basanzwe bakora uwo mwuga. Gushikira ivyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi hakoreshejwe Google ni seruvisi ihabwa abakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi kandi bayihabwa "ukwo iri." Nta garanti n'imwe ihari, haba mu buryo bweruye canke bwihishije, ku bijanye n'ukutagira agasembwa, kwizerwa, kutagiramwo ikosa mu vyahinduwe vyose bivanwa mu Congereza bishirwa mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. Amakuru amwe amwe arashobora kudahindurwa neza atwarwa mu rundi rurimi bitewe n'ubushobozi buke bw'ubwo buhinga.

Topics:
Last Updated: