Raba ireresi yerekana ukungene bakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi Kirundi

Itaburo y'ivyandiko vyashizwe mu rundi rurimi

Mw' itaburo iri aha musi harimwo ivyandiko birimwo amakuru nkoramutima yerekeye amagara y'abantu Igisata c'Amagara y'Abantu cashize mu rurimi rwawe. Ico gikorwa co kubishira mu zindi ndimi cakozwe n'abasobanuzi b'indimi b'abanyamwuga babinonosoye

Ingene iyi taburo iri aha hepfo ikoreshwa.

Andika mu gakwadarato ko kurondereramwo kari hejuru ya taburo kugira urondere ukoresheje ijambo iryo ari ryo ryose riri mu mutwe w'amajambo uri mu Congereza canke washizwe mu rundi rurimi. Urashobora kandi guhitamwo ufatiye ku mutwe w'amajambo washizwe mu rundi rurimi (Translated Title), canke umutwe w'amajambo uri mu Congereza (English Title) mu gufyonda kuri umwe muri iyo mitwe y'amajambo.

Gukoresha Google Translate

Ku rubuga ngurukanabumenyi HealthVermont.gov hariko amakuru yerekeye amagara y'abantu menshi kandi urashobora gukoresha Google Translate kugira ubone amakuru yose ari kuri urwo rubuga hamwe n'amafishi menshi vyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi mu buryo bwikoresha. Kugira ubikore, hitamwo “Select Language” hejuru mu mfuruka y'i buryo ku rubuga.

Soma n'ibindi vyerekeye Google Translate

Woba ukeneye ubufasha kugira utahure amakuru y'Igisata kijejwe Amagara y'Abantu? 

Urafitiye uburenganzira amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi. Imeyiri [email protected] kugira uhabwe amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi ku buntu.

Soma vyinshi ku vyerekeye kuronka amakuru ashobora kuronkwa

Translated Title English Title Language Sort descending
Indinganizo y'Icandagwa: Igice Ca 2 Vaccination Plan: Phase 2 - Kirundi Kirundi
Menya ico wokora mugihe ugwaye • Poster Know What to Do About the Flu • Poster - Kirundi Kirundi
Umuceri uhinguye kandi ukwije ibisabwa Brown Rice Recipes - Kirundi Kirundi
Mwikingire kuribwa n'imibu Protect Yourself From Mosquito Bites - Kirundi Kirundi
Guheba itabi hamwe n'ibikomoka kw'itabi • ikarata y'iposita Quit Smoking and Tobacco Resources • Postcard - Kirundi Kirundi
Niwambare mu buryo butashobora kugukoza isoni Be Tick Smart - Kirundi Kirundi
Impanuro ngedegwako ku imiti Opioid Opioid Prescription Informed Consent - Kirundi Kirundi
Guma umeze neza iyo hanze hashushe Stay Safe When It's Hot Outside - Kirundi Kirundi
Kwirinda uburozi bwa Carbon Monoxide buva mu machini zitanga umuyagankuba Carbon Monoxide and Generator Safety Tips - Kirundi Kirundi
Urupapuro rw'amakuru y'umurwayi wa Opioid Opioid Patient Information - Kirundi Kirundi
Ivyo gukora nimba urwaye COVID-19 What do to if you test positive for COVID-19 - Kirundi Kirundi
Ivyo imiryango ifise abana itegerezwa kumenya vyerekeye n’incanco z’ikiza ca korona virisi (COVID-19) What Families with Children Should Know About COVID-19 Vaccines - Kirundi Kirundi
Ibimenyetso nyezina vya COVID-19 ni: COVID-19 Symptoms - Kirundi Kirundi
Ingene wokoresha BinaxNOW ya COVID-19 Igipimo co kwipima ubwawe antijene How to use the BinaxNOW COVID-19 Antigen Test - Kirundi Kirundi
Quidel QuickVue COVID-19 Test Instructions Quidel QuickVue COVID-19 Test Instructions - Kirundi Kirundi
Ingene wokoresha Lucira Check It Igipimo ca COVID-19 How to Use a Lucira Test - Kirundi Kirundi
IKARATA Intrivo On/Go Wokora gute i gipimo intrivo ca antijene On/Go COVID-19 wipima ubwawe How to use an Intrivo On/Go Test - Kirundi Kirundi
COVID-19: Ikingire ubwawe hamwe n’abandi COVID-10: Protect Yourself and Others - Kirundi Kirundi
Cyanobacteria (icatsi c’ubururu n’ibara ry’icatsi) Cyanobacteria (Blue-Green Algae) - Kirundi Kirundi
Aho kwogera harugawe Swimming Area Closed (Cyanobacteria) Sign - Kirundi Kirundi

Vyinshi ku bijanye na Google Translate

Google Translate ikoresha amaporogaramu nyabwonko kugira ihindure ibintu ibikura mu rurimi rumwe ibishira mu rundi. Ntishobora guhindura amakuru yose iyakura mu rurimi kanaka iyashira mu rundi. Ivyo yahinduye birashobora kutaba vyo canke bifise agasembwa.

Nta buhinga bwikoresha bwo guhindura ibintu bubikura mu rurimi rumwe bubishira mu rundi (hakoreshejwe amaporogaramu nyabwonko) butagira agasembwa kandi ntibufise intumbero yo gusubirira abantu basanzwe bakora uwo mwuga. Gushikira ivyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi hakoreshejwe Google ni seruvisi ihabwa abakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi kandi bayihabwa "ukwo iri." Nta garanti n'imwe ihari, haba mu buryo bweruye canke bwihishije, ku bijanye n'ukutagira agasembwa, kwizerwa, kutagiramwo ikosa mu vyahinduwe vyose bivanwa mu Congereza bishirwa mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. Amakuru amwe amwe arashobora kudahindurwa neza atwarwa mu rundi rurimi bitewe n'ubushobozi buke bw'ubwo buhinga.

Topics:
Last Updated: