Raba ireresi yerekana ukungene bakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi Kirundi

Itaburo y'ivyandiko vyashizwe mu rundi rurimi

Mw' itaburo iri aha musi harimwo ivyandiko birimwo amakuru nkoramutima yerekeye amagara y'abantu Igisata c'Amagara y'Abantu cashize mu rurimi rwawe. Ico gikorwa co kubishira mu zindi ndimi cakozwe n'abasobanuzi b'indimi b'abanyamwuga babinonosoye

Ingene iyi taburo iri aha hepfo ikoreshwa.

Andika mu gakwadarato ko kurondereramwo kari hejuru ya taburo kugira urondere ukoresheje ijambo iryo ari ryo ryose riri mu mutwe w'amajambo uri mu Congereza canke washizwe mu rundi rurimi. Urashobora kandi guhitamwo ufatiye ku mutwe w'amajambo washizwe mu rundi rurimi (Translated Title), canke umutwe w'amajambo uri mu Congereza (English Title) mu gufyonda kuri umwe muri iyo mitwe y'amajambo.

Gukoresha Google Translate

Ku rubuga ngurukanabumenyi HealthVermont.gov hariko amakuru yerekeye amagara y'abantu menshi kandi urashobora gukoresha Google Translate kugira ubone amakuru yose ari kuri urwo rubuga hamwe n'amafishi menshi vyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi mu buryo bwikoresha. Kugira ubikore, hitamwo “Select Language” hejuru mu mfuruka y'i buryo ku rubuga.

Soma n'ibindi vyerekeye Google Translate

Woba ukeneye ubufasha kugira utahure amakuru y'Igisata kijejwe Amagara y'Abantu? 

Urafitiye uburenganzira amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi. Imeyiri [email protected] kugira uhabwe amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi ku buntu.

Soma vyinshi ku vyerekeye kuronka amakuru ashobora kuronkwa

Translated Title English Title Sort ascending Language
Aho kwandika abanywanyi biyandikisha kandi You First Renewal Application- Kirundi Kirundi
Gusaba kuba umunywanyi muri You First You First Membership Application - Kirundi Kirundi
Imiriro ya nyakanga ku magara yawe - ireresi Wildfires and Your Health - Kirundi Kirundi
Aho ushobora kwipishiriza ku buntu kugira urabe ko ugwaye covid - Ireresi Where to get Free COVID-19 Test Kits - Kirundi Kirundi
Ico Mwomenya ku Gasama What to Know About Measles - Kirundi Kirundi
Ivyo imiryango ifise abana itegerezwa kumenya vyerekeye n’incanco z’ikiza ca korona virisi (COVID-19) What Families with Children Should Know About COVID-19 Vaccines - Kirundi Kirundi
Ivyo gukora nimba urwaye COVID-19 What do to if you test positive for COVID-19 - Kirundi Kirundi
Isuzuma ry'Amazi y'Iriba: Agatabo kagira inama umuguzi w'inzu Well Water Testing: A Home Buyer's Guide - Kirundi Kirundi
Umutekano ku mazi nyuma y’umwuzure - Ireresi Water Safety After a Flood - Kirundi Kirundi
Urwete rutanga uburenganzira k'uwemeye kurera umwana ku gushaka ata gahato Voluntary Acknowledgment Parentage - Kirundi Kirundi
Porogarama ya Vermont yo Gusuzuma Inzoya Vermont Newborn Screening - Kirundi Kirundi
Indinganizo y'Icandagwa: Igice Ca 2 Vaccination Plan: Phase 2 - Kirundi Kirundi
Tips to Prevent Flu and Illness - video Tips to Prevent Flu and Illness - Kirundi Kirundi
Menya ivyerekey’ inyondwe - video Ticks. What you need to know - Kirundi Kirundi
Hari uruncanco rushasha rwa COVID-19 - ireresi There is a New COVID-19 Vaccine - Kirundi Kirundi
Gupima amazi yo kunywa avuye mu kinogo c'isoko ryawe Testing Drinking Water From Your Private Well - Kirundi Kirundi
Kwiyitaho no kwita ku bandi mu gihe c’ubushuhe - ireresi Taking care of yourself and others in hot weather - Kirundi Kirundi
Umutekano w’ibinogo vyo kwogeramwo muri Vermont Swimming Hole Safety in Vermont - Kirundi Kirundi
Aho kwogera harugawe Swimming Area Closed (Cyanobacteria) Sign - Kirundi Kirundi
Umugambi "Strong Families Vermont Home Visiting Program" wa Reta ya Vermont wo Kugendera Ingo n'imiryango Strong Families Vermont Home Visiting Program - Kirundi Kirundi

Vyinshi ku bijanye na Google Translate

Google Translate ikoresha amaporogaramu nyabwonko kugira ihindure ibintu ibikura mu rurimi rumwe ibishira mu rundi. Ntishobora guhindura amakuru yose iyakura mu rurimi kanaka iyashira mu rundi. Ivyo yahinduye birashobora kutaba vyo canke bifise agasembwa.

Nta buhinga bwikoresha bwo guhindura ibintu bubikura mu rurimi rumwe bubishira mu rundi (hakoreshejwe amaporogaramu nyabwonko) butagira agasembwa kandi ntibufise intumbero yo gusubirira abantu basanzwe bakora uwo mwuga. Gushikira ivyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi hakoreshejwe Google ni seruvisi ihabwa abakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi kandi bayihabwa "ukwo iri." Nta garanti n'imwe ihari, haba mu buryo bweruye canke bwihishije, ku bijanye n'ukutagira agasembwa, kwizerwa, kutagiramwo ikosa mu vyahinduwe vyose bivanwa mu Congereza bishirwa mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. Amakuru amwe amwe arashobora kudahindurwa neza atwarwa mu rundi rurimi bitewe n'ubushobozi buke bw'ubwo buhinga.

Topics:
Last Updated: