Raba ireresi yerekana ukungene bakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi Kirundi

Itaburo y'ivyandiko vyashizwe mu rundi rurimi

Mw' itaburo iri aha musi harimwo ivyandiko birimwo amakuru nkoramutima yerekeye amagara y'abantu Igisata c'Amagara y'Abantu cashize mu rurimi rwawe. Ico gikorwa co kubishira mu zindi ndimi cakozwe n'abasobanuzi b'indimi b'abanyamwuga babinonosoye

Ingene iyi taburo iri aha hepfo ikoreshwa.

Andika mu gakwadarato ko kurondereramwo kari hejuru ya taburo kugira urondere ukoresheje ijambo iryo ari ryo ryose riri mu mutwe w'amajambo uri mu Congereza canke washizwe mu rundi rurimi. Urashobora kandi guhitamwo ufatiye ku mutwe w'amajambo washizwe mu rundi rurimi (Translated Title), canke umutwe w'amajambo uri mu Congereza (English Title) mu gufyonda kuri umwe muri iyo mitwe y'amajambo.

Gukoresha Google Translate

Ku rubuga ngurukanabumenyi HealthVermont.gov hariko amakuru yerekeye amagara y'abantu menshi kandi urashobora gukoresha Google Translate kugira ubone amakuru yose ari kuri urwo rubuga hamwe n'amafishi menshi vyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi mu buryo bwikoresha. Kugira ubikore, hitamwo “Select Language” hejuru mu mfuruka y'i buryo ku rubuga.

Soma n'ibindi vyerekeye Google Translate

Woba ukeneye ubufasha kugira utahure amakuru y'Igisata kijejwe Amagara y'Abantu? 

Urafitiye uburenganzira amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi. Imeyiri [email protected] kugira uhabwe amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi ku buntu.

Soma vyinshi ku vyerekeye kuronka amakuru ashobora kuronkwa

Translated Title English Title Sort descending Language
Menya ico wokora mugihe ugwaye • Poster Know What to Do About the Flu • Poster - Kirundi Kirundi
Ifishi igenewe abajejwe guhagarikira ibirori vy'ubukwe biciye mu mategeko Marriage Checklist for Officiants - Kirundi Kirundi
Ifira inyuma y’umwuzure Mold After a Flood - Kirundi Kirundi
Urupapuro rw’ibizwi ku mugera (mpox) Human Monkeypox Mpox Fact Sheet - Kirundi Kirundi
Urupapuro rw'amakuru y'umurwayi wa Opioid Opioid Patient Information - Kirundi Kirundi
Impanuro ngedegwako ku imiti Opioid Opioid Prescription Informed Consent - Kirundi Kirundi
Mwikingire kuribwa n'imibu Protect Yourself From Mosquito Bites - Kirundi Kirundi
Ikingire igihe uriko urakura ibisgarira vy’imyanda Hanze inyuma y’Umwuzurire Protect Yourself When Cleaning Up Debris Outside After a Flood - Kirundi Kirundi
Quidel QuickVue COVID-19 Test Instructions Quidel QuickVue COVID-19 Test Instructions - Kirundi Kirundi
Guheba itabi hamwe n'ibikomoka kw'itabi • ikarata y'iposita Quit Smoking and Tobacco Resources • Postcard - Kirundi Kirundi
Ifishi yo gusaba ibikoresho vyo gupima Radon Radon Kit Request Form - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa y'ukungene bapima Radon Radon Test Instructions - Kirundi Kirundi
Ifishi y'igipimo ca Radon Radon Testing Form - Kirundi Kirundi
Amazi yo kwidagadura inyuma y’umwuzure Recreational Water Safety After a Flood - Kirundi Kirundi
Gutesha agaciro canke guhagarika uruhusha rw'umukorerabushake canke kwakwa uburenganzira bwo kuba umuvyeyi Removal of Voluntary Acknowledgment or Denial of Parentage - Kirundi Kirundi
Gusubira i muhira inyuma y’umwuzure Returning to Your Home After a Flood - Kirundi Kirundi
Guma umeze neza iyo hanze hashushe Stay Safe When It's Hot Outside - Kirundi Kirundi
Staying Safe During a Flood and Very Heavy Rainfall - Ireresi Staying Safe During a Flood and Very Heavy Rainfall - Kirundi Kirundi
Umugambi "Strong Families Vermont Home Visiting Program" wa Reta ya Vermont wo Kugendera Ingo n'imiryango Strong Families Vermont Home Visiting Program - Kirundi Kirundi
Aho kwogera harugawe Swimming Area Closed (Cyanobacteria) Sign - Kirundi Kirundi

Vyinshi ku bijanye na Google Translate

Google Translate ikoresha amaporogaramu nyabwonko kugira ihindure ibintu ibikura mu rurimi rumwe ibishira mu rundi. Ntishobora guhindura amakuru yose iyakura mu rurimi kanaka iyashira mu rundi. Ivyo yahinduye birashobora kutaba vyo canke bifise agasembwa.

Nta buhinga bwikoresha bwo guhindura ibintu bubikura mu rurimi rumwe bubishira mu rundi (hakoreshejwe amaporogaramu nyabwonko) butagira agasembwa kandi ntibufise intumbero yo gusubirira abantu basanzwe bakora uwo mwuga. Gushikira ivyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi hakoreshejwe Google ni seruvisi ihabwa abakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi kandi bayihabwa "ukwo iri." Nta garanti n'imwe ihari, haba mu buryo bweruye canke bwihishije, ku bijanye n'ukutagira agasembwa, kwizerwa, kutagiramwo ikosa mu vyahinduwe vyose bivanwa mu Congereza bishirwa mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. Amakuru amwe amwe arashobora kudahindurwa neza atwarwa mu rundi rurimi bitewe n'ubushobozi buke bw'ubwo buhinga.

Topics:
Last Updated: