![megaphone signifying an announcement](/sites/default/files/styles/default/public/image/adm-icons-announcement.png?itok=nzZTRtTj)
Imburi igendanye n'imyuzure mu bice vya Vermont. Menya ingene wo guma ufise umutekano.
Imburi igendanye n'imyuzure mu bice vya Vermont. Menya ingene wo guma ufise umutekano.
Mw' itaburo iri aha musi harimwo ivyandiko birimwo amakuru nkoramutima yerekeye amagara y'abantu Igisata c'Amagara y'Abantu cashize mu rurimi rwawe. Ico gikorwa co kubishira mu zindi ndimi cakozwe n'abasobanuzi b'indimi b'abanyamwuga babinonosoye
Andika mu gakwadarato ko kurondereramwo kari hejuru ya taburo kugira urondere ukoresheje ijambo iryo ari ryo ryose riri mu mutwe w'amajambo uri mu Congereza canke washizwe mu rundi rurimi. Urashobora kandi guhitamwo ufatiye ku mutwe w'amajambo washizwe mu rundi rurimi (Translated Title), canke umutwe w'amajambo uri mu Congereza (English Title) mu gufyonda kuri umwe muri iyo mitwe y'amajambo.
Ku rubuga ngurukanabumenyi HealthVermont.gov hariko amakuru yerekeye amagara y'abantu menshi kandi urashobora gukoresha Google Translate kugira ubone amakuru yose ari kuri urwo rubuga hamwe n'amafishi menshi vyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi mu buryo bwikoresha. Kugira ubikore, hitamwo “Select Language” hejuru mu mfuruka y'i buryo ku rubuga.
Soma n'ibindi vyerekeye Google Translate
Urafitiye uburenganzira amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi. Imeyiri [email protected] kugira uhabwe amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi ku buntu.
Google Translate ikoresha amaporogaramu nyabwonko kugira ihindure ibintu ibikura mu rurimi rumwe ibishira mu rundi. Ntishobora guhindura amakuru yose iyakura mu rurimi kanaka iyashira mu rundi. Ivyo yahinduye birashobora kutaba vyo canke bifise agasembwa.
Nta buhinga bwikoresha bwo guhindura ibintu bubikura mu rurimi rumwe bubishira mu rundi (hakoreshejwe amaporogaramu nyabwonko) butagira agasembwa kandi ntibufise intumbero yo gusubirira abantu basanzwe bakora uwo mwuga. Gushikira ivyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi hakoreshejwe Google ni seruvisi ihabwa abakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi kandi bayihabwa "ukwo iri." Nta garanti n'imwe ihari, haba mu buryo bweruye canke bwihishije, ku bijanye n'ukutagira agasembwa, kwizerwa, kutagiramwo ikosa mu vyahinduwe vyose bivanwa mu Congereza bishirwa mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. Amakuru amwe amwe arashobora kudahindurwa neza atwarwa mu rundi rurimi bitewe n'ubushobozi buke bw'ubwo buhinga.